Gutoranya kw’Imana : Inyishu z’ibibazo icenda bikunda kubazwa

Iyo inyigisho yogutoranya yigishijwe, hama haduka ibibazo vyerekena ko ico cizerwa kidakwiye kwigishwa canke atarico. Ngizo inyishu zivuye muri Bibiriya. Aka gace kanditswe na Trinitas

1. Bibiriya ivuze ugutoranywa, iba iriko ivugako Imana itoranya umuntu ku giti ciwe ikamuha agakiza canke iba iriko iravuga ikindi kintu ?

Abantu bafise ico kibazo bakibaza mu buryo bumwe muri ubu butatu bukurikira : 

Ubwa mbere, bamwe barashobora kubaza bati: « Mbega imirongo yo muri Bibiriya ivuga ugutoranya kw’Imana, yoba iba iriko ivugako Imana itoranya umuntu kugiti ciwe ikamuha agakiza canke iba iriko iravuga ikindi kintu ?» 

Inyishu : Ivyanditswe vyera vyerekana neza ko ukuganza kw’Imana kutagarukira ku miryango isanzwe gusa ahubwo no kubantu ku giti cabo( Imigani 16 :9, zaburi 139 :16, Matayo 10 :30)  Paulo yandikiye ishengero ry’i Efeso, abanyefeso 1 :4 ati « Kuko yadutoranije… ». Yariko yandikira umurwi w’abantu runaka( abera bo muri Efeso, 1 :1), ntiyariko abwira abantu bose muri rusangi, canke umurwi w’abantu batabaho. 

Kandi ntidukwiye kwibagirako imiryango y’abantu n’ibihugu bigizwe n’abantu ku giti cabo.  Biratangaje ingene abavugabutumwa bashimangira akamaro kukubwira umuntu umwe umwe ubutumwa bwiza, bagahakana ico cizerwa, bakanka kwakira insiguro igaragara y’iyo mirongo twasiguye hejuru. Imana itoranya umuntu wese ku giti ciwe.

Ica kabiri, bamwe bashobora kwibaza bati:«Mbega iyo mirongo yo muri Bibiliya yoba iriko ivuga ingene Imana yatoranije Yesu Kristo?»

Inyishu: Naho bigaragara ko Kristo, Imana mwana, yatoranijwe mw’ibanga ry’Imana kugira, biciye muriwe, igikorwa c’Imana yigize umuntu n’ico gucungura umuntu gishoboke nkuko  amasezerano yo gucungurwa ari ; imvugo yo gutoranywa ikoreshwa  kubacunguwe incuro nyinshi kandi vyumwihariko mu vyanditswe vyera.

Ica gatatu, bamwe bashobora kwibaza bati: « Iyi mirongo yo muri Bibiliya yerekena ingen ‘Imana mu gutoranya  abizera ngo bezwe ntiba iriko ivuga abaronka agakiza ?» Kuri ico ciyumviro, abantu bakunda kwishimikiza  abaroma 8:29 havuga ku bizera « Kuko abo yamemye kera yabatoranirije gushushanywa  n’ishusho y’umwana wayo

Inyishu : Bibiriya iremeza ko kwezwa kwuzuye (guhabwa ubwiza) ariyo ntambwe ya nyuma y’agakiza. Abakijijwe bose amaherezo yabo n’ugushikira intambwe yo kwezwa kwa nyuma, igihe bapfuye canke igihe Umwami Yesu azozira, igihe co kuzuka kwa nyuma. Ibisomwa nkah’Abaroma 8: 29-30, Paulo ariko avuga urugendo rwose rw’agakiza. Igikorwa co kwezwa kibandanya kubakijijwe. Rero, ikibazo c’umukristo yatoranirijwe kwezwa  ntigishobora gukoreshwa kugirango tuzunguruke itanguriro rikenewe mu gikorwa cose c’agakiza, gutoranywa n’Imana.

2. Gutoranywa bisigura ko Imana mu guhitamwo abazokizwa ikoresha ubupfindo ?

Bamwe mu banegura iki cizerwa basigura ko inyigisho z’ubuntu bw’Imana ari ibinyoma ; bagerera gutoranywa n’Imana n’urukino rw’abana bato. Muri urwo rukino abana baba bubatse umuzingi wugaye. Umwana umwe acaja hagati akagenda arakora ku mutwe w’umwana avuga ati : “canard, canard, oie!”…. bati n’Imana itoranya niko igira :“Uratoranijwe, Uratoranijwe, uciriweko urubanza!”

Imana itoranya nk’uko imigambi yayo iri kandi ntibitworohera gutahura  . Ivyanditswe vyera vyemeza ko ugutoranya kw’Imana kutarenganya. Muvy’ukuri, imigabo y’Imana irengeye ugutahura k’umuntu, ariko ingingo ifata zose zifise intumbero imwe, kwerekana icubahiro cayo. Uhoraho yavuze akoresheje umuvugishwa Yesaya ati « Kukw ivyiyumviro vyanje atari vyo vyiyumviro vyanyu, kand’ inzira zanyu atari zo nzira zanje, ni k’Uhoraho agize. Mbere nk’ukw ijuru ryitanguye isi, ni kw inzira zanje zitanguye inzira zanyu, n’ivyiyumviro vyanje vyitanguye ivyiyumviro vyanyu » Yesaya 55 :8-9.

Umwami w’abapagani Nebukadinezari, amaze gucishwa bugufi n’Imana, nawe yavuze ati : « Kand’ ababa kw isi bose ibagereranya n’ubusa, kand’ ikora ukw igomba mu ngabo zo mw ijuru, no mu baba kw isi; kandi nta wushobora kubuza ukuboko kwayo, canke kuyibaza, at’ Ukora iki? » Daniyeri 4 :35

3. Mbega Imana ntiyoba yamenye kera aba izohitamwo kwizera bavyigombeye hanyuma igaca ibatoranya ?

Imbere yavyose, twomenyako Abaroma 9 :11 hemeza kw’itoranywa rya Yakobo na Esau ridafatiye ku bikorwa bazokora bamaze kuvuka. Igice c’Abaroma 8:29 (“Kubo yamenye kera, yarabatoranije…”) gikunzwe gukoreshwa n’abavugako “kumenywa kera” bisobanura gutoranywa n’Imana.  

Mu kwishura abo biyumvira gutyo, twobanza kuvuga ko irivuga « kumenya kera » ridasigura gusa ku kumenya ibizoba muri kazoza, ahubwo rigaragaza imigenderanire iri hagati y’Imana n’abantu bayo. Bibiriya ikunze kuvuga ko umugabo “yamenye” umugore ( Itang 4: 1: “Noneho Adamu amenye Eva umugore wiwe….). Ibi ntibisobanura ko afise amakuru yukuri ku bikorwa akora, ariko  bafise imigenderanire yimbitse. Gusobanukirwa “Ubwo bumenyi” buraturongora mu nsiguro y’ Abaroma 8 :29.

Turangiza, « insiguro yo kumenya kera  » muvy’ukuri ntikuraho  ikibazo c’uruhara rw’Imana. Nimba Imana yarizi kera yuko bamwe bazizera Kristo mu gihe abandi bazomwaka, kuki Idahindura ibihe kugira ngo abamwanse bahindukire bizere Kristo? Inkomoko y’agakiza ishingiye ku Mana yonyene.

4.Tuvuge iki ku badakijijwe ?

Hari imigwi ibiri yishura iki kibazo.

Umurwi wa mbere wemeza ko Imana itoranya abantu bazokizwa n’abazoja mu muriro. ( Yohana 12: 37-40; Abaroma 9: 22-23; 2 Tim 2:20; 1 Petero 2: 7-8; Yuda 1: 4). Imana itoranya abakizwa n’abo gutsindwa n’urubanza.

Umurwi wa kabiri wemeza ko Imana igira uruhara mu gutoranya abakizwa kandi ikareka gukiza abanyavyaha ahubwo ikabemerera kubandanya mu vyaha vyabo (Abaroma 1:24; Efeso 4: 17-19). Abanse Kristo ntibaciriwe urubanza n’Imana, ariko bararenganywe bisigarira mu vyaha bahisemwo.

Uyu murwi, muri rusangi  ugaragaza ko wegamiye ivyizigiro vyabatanguje ishengero ry’abaporotitsani  nababakuriye. Ivyizerwa vy’umurwi wa kabiri w’Ababatisita b’i Londres (1689), nk’akarorero, rivuga ko bamwe batoranirijwe ubuzima budashira kugira bazobe abo guhesha  ishimwe  ubwiza bw’ubuntu bw’Imana buhebuje mu gihe “abandi barekewe mu vyaha vyabo kugira ngo bagaragaze urubanza rw’Imana,n’ubwiza bwo kugororoka kwayo guhebuje.”

Icongeyeko nuko Imana ihabwa icubahiro kubwakijijwe na bagiye mu muriro. Abatakijijwe, ni ibikoresho bibereye uburakari bw’Imana kandi bahimbaza ukugororoka kw’Imana ibihe bitazoshira. Ariko abakijijwe bahimbaza ukugororoka kw’Imana, kuko ivyaha vyabo vyashizwe kuri Kristo, kandi bahimbaza n’imbabazi zayo zabacunguye batabikwiye.

5.Mbega iyo nyigisho ntirenganya ?

Ababaza iki kibazo mu bisanzwe babikora bishimikije ibinyoma bibiri.  Ku ruhande rumwe, bavuga ko hari abantu bashaka gukizwa badakizwa, kubera ko Imana itabatoranije. Abantu bavuga gutyo ntibabona ingene ingaruka z’icaha zononye ubuzima bw’impwemu bw’abantu.  Nta munyavyaha n’umwe ashaka gukizwa kiretse Imana ibanje kumuha umutima mushasha. Paulo aremezako atari ubuntu bw’Imana ata muntu yokizwa«  Nta muntu ashobora kurondera Imana » Abaroma 3 :11

Ku rundi ruhande, bamwe bavuga ko inyigisho y’ugutoranywa isigurako hari abantu badashaka gukizwa, bakijijwe. Nta muntu afatwa ku nguvu hanyuma agahenurirwa mu bwami bw’Imana. Iyo umunyavyaha amaze kuvuka ubwa kabiri arizera agakurikira Yesu.

Mu cete Paulo yandikiye Abaroma 9 :14, arateganya ico citwazo gihanana icizerwa cogutoranywa. « Nuko tuvuge iki? Mbeg’ Imana iragabitanya? Eka na mba ! » Paulo aributsa iri shengero kw’Imana yigenga, igirira ikigongwe n’imbabazi abo ikunze(Abaroma 9 :15). Nico kimwe no mu baroma 9:19, Pawulo ateganya inzitizi za bamwe: « Nuko wombaza, uti N’iki gituma ikigaya umuntu? Ni nde yankiye ivy’ igomba?»

Paulo azivya akanwa kabo babaza ico kibazo avuga ati : « Ariko ga wa muntu, uri nde, uharira n’Imana? Mbeg’ icabumbge cobaza uwakibumvye, kiti N’iki catumye umbumba urtya » Abaroma 9 :20. Ikibazo c’aba bantu bazana iyi nzitizi nuko bashira ukugororoka k’umuntu hejuru y’ukudahangagwa kw’Imana.   Ivyanditswe vyera vyemeza ubumana bw’Imana. Ico Imana yahisemwo gukora cose gicika urufatiro rw’insiguro y’ikintu cose ciza, gishimwa, gitunganye kandi c’ukuri. Reka  turabe ayandi majambo ya Nebukadinezari: “Nta muntu ashobora kubuza ukuboko kwayo canke kuyibaza ati: ‘ukora iki?‘” (Dan 4:35).

6.Mbega uruhara rw’umuntu n’uruhe ?

Icizerwa co gutoranywa ntigikuraho uruhara rw’umuntu. Ivyizerwa vy’umurwi wa kabiri w’Ababatisita b’i Londres (1689) bivuga ko Imana ishiraho ingene ibintu bizogenda, ariko ntitegura ikibi, ntisabana n’ikintu cose kibi, eka mbere siyo ituma umuntu gukora ikibi. Abadakijijwe bafise uruhara kuvyerekeye iherezo ryabo ribi. Abanyakibi baronka igihano gikwiranye n’ivyaha vyabo. Mubazoba bari mu muriro ntanumwe azokwiyamiriza urubanza Imana izoca, avuge ngo ararenganijwe. Umunyavyaha niwe akora ivyaha kandi niwe yansekwizera Yesu Kristo.

Ku rundi ruhande, ab’Imana yatoranirije gukizwa, kamere kabo karahinduwe gasha. Abakijijwe bategerezwa kwihana no kwizera Umwami Yesu Kristo. Hatabayeho kwihana no kwizera ntibazakizwa.  Biciye mu kwizera Kristo barakizwa, bakamenyako  Imana yonyene ariyo ikwiye gushimwa kubwagakiza kabo.

7.Imana ntishobora kuba yashingiye akarimbi ubugombe bwayo hanyuma igahitamwo abantu bakizwa kuko bahisemwo kuyizera?

Ica mbere, muvyukuri iki ciyumviro nic’ubwenge, ntikivuye muri Bibiriya. Ni hehe mu vyanditswe vyera dusoma ingene Imana yishingiye akarimbi mu vyerekeye gutanga agakiza? Ni hehe muri Bibiriya dusanga ivyiyumviro nk’ivyo?

Ubwa kabiri, abazanye ikiciyumviro barihenda birenze kubijanye n’ubugombe bw ‘umuntu. Abantu biyumvira gutya bemezako  umunyavyaha arondera kumenya , kwizera no guhimbaza Imana dusanga muri Bibiliya.

Ivyanditswe vyera birerekanako, umunyavyaha atarakizwa adashobora guhitamwo gupfukamira Imana dusanga muri Bibiriya n’umucunguzi wacu Yesu Kristo. Nkuko wa mugani wo muri 1 Samweli 24:13 ubivuga, « Ngw’ibibi biva mu babi. »

8.Mbega iki cizerwa ntigitera ubwibone abacunguwe kuko bumvako batoranijwe?

Ibi birashoboka rwose. Ubwibone ni caha kigaragara kandi cashinze imizi mu bantu bose. Naho biruko, iyo ico cizerwa gitahuwe neza, ntigishobora na gato gutera ubwibone abacakiriye. Umukristo wese yizerako yatoranijwe, atahura neza ko agakiza afise atarako yakoreye ahubwo ar’ubuntu Imana yamugiriye. Kuko atari incabwenge, intungane, agororotse kurusha abandi. Uwacunguwe abaziko yagiriwe imbabazi n’umwami Yesu, ataco yakoze ciza. Gutahura iki cizerwa bibomora ubwibone bigasunikira mu mutima w’umukristo guca bugufi.

9. Ikicizerwa ntikigabanya umuriro wokuvuga ubutumwa bwiza ?

Ivyanditswe vyera  vyigisha ko Imana itatoranije abazoronka gakiza gusa, ahubwo yarashizeho n’inzira z’ubuntu zizocamwo ubutumwa bwiza kugira ngo bakizwe. Mu Baroma 10: 14-15 Pawulo yarahimiriza kuvuga  ubutumwa bwiza « None bazokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bazokwizera bate uwo batarumva? Kandi bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe? Kandi bazosigura ivyiwe bate, batatumwe? Nk’uko handitswe, ngw Ewe kuntu ibirenge vy’abazanye ubutumwa bg’ivyiza ari vyiza. »

Intumwa Paulo arongera ati: “Noneho rero kwizera kuzanwa no kwumva, no kwumva ijambo ry’Imana” (Rom 10:17). Abatoranirijwe agakiza bose bategerezwa kubwirwa ubutumwa bwiza kugirango bumve kandi bizere Kristo. Ingene bigenda kugira bumve bongere bizere biri mu biganza vy’Imana yonyene. Ntituzi uwuzokwakira ubutumwa bwiza. Ntiducagura abazokizwa. Tumenya abo Imana yahisemwo iyo turavye abatoranijwe bariko barizera ubutumwa bwiza.

Mw’ivuga butumwa( Matayo 28 :19-20), Yesu ategeka abigishwa biwe ngo bagende, bahindure amahanga yose abigishwa, babatiza mw’izina rya Data wa twese n’iry’ Umwana n’irya Mpwemu Yera; babigishe kwitondera ivyo yabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.

Hakuzimya umuriro wo kuvuga ubutumwa, iki cizerwa co gutoranya kiduha gushikama no gushiramanga kuko tuziko igikorwa turiko turakora kizogenda neza kuko twatumwe. Iyo twigisha Yesu, Imana yikwegwerako abantu bavuye mu moko yose(Yohana 12 :32). Abamisiyonari bakomeye mw’ivugabutumwa ni abubahirije izo nyigisho, bahereye kuri William Carey, umwe mubagize umuryango w’ubutumwa ukomeye kw’isi. 

IKIGISOMWA ‘NINE OBJECTIONS TO UNCONDITIONAL ELECTION ANSWERED’canditswe na Jeff Riddle, umwungere w’ishengero ry’ababatitse, muntara ya virginia muri Amerika. Gihindurwa mu kirundi na Trinitas.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *