
Guhera mugitabo c’Itanguriro gushika mu gitabo c’ivyahishuriwe Yohani, Imana iguma itoranya abantu bayo. Mbega uko gutoranywa gufatiye kuki ? Kumenya kw’Imana itoranya hari ico bifasha ishengero hamwe n’abatarizera Yesu ? ( akagace kanditswe na Trinitas)
Niyihe nkomoko y’urukundo rw’Imana, ruha abanyavyaha bononekaye agakiza ? Reka dusome ikete Paulo yandikiye Abanyefeso, kugira turonke inyishu y’ico kibazo.
« Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw ijuru muri Kristo: nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.
Kuko yagabiye kera ko duheshwa na Yesu Kristo gucika abana bayo kubgayo, nk’uko yabigomvye bikayihimbara: kugira ng’ubgiza bg’ubuntu bgayo bushimwe, ubgo yatugabiriye mu wo ikunda. Muri we ni ho duherwa gucungurwa n’amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk’ukw itunga ry’ubuntu bgayo riri.»
Ego cane, iyo abantu bahindutse bakaba abakristo, baba bahisemwo Imana babishaka. N’iki kibasunikira gukora ayo mahitamwo adasanzwe kandi atangaje? Dukwirikije ivyo Isezerano rishasha rivuga, abanyavyaha bahitamwo Imana kuko yabanje kubahitamwo. Biragaragara, bareka kuyihitamwo ubwa mbere kuko mu mitima yabo yanka Imana. Nk’abanyavyaha, « Twari dupfuye twishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyacu »
Twebwe ubwacu, ntidushaka kugenda aho Imana iri kandi nta nkomezi zokubikora dufise. Kugira duhitemwo gukurikira Imana, niyo itegerezwa kubanza guhindura impengamiro y’imitima yacu kandi ikongera ikadushoboza gukora ibitandukanye nico kamemeremere kacu gashaka. Ico gikorwa Imana yuzuye imbabazi itanguza, gikomoka mu nteguro yayo yogutoranya ataco gufatiyeko.
Duhitamwo Imana kuko ariyo yabanje kuduhitamwo
Aha dukwiye kugenda twitonze kuko hari ibintu Imana yateguye kera bigoye kwakira no kwizera. Imana mushobora vyose, nini cane, twebwe ivyaremwe ntidushobora kuyitahura. Ubwenge bwacu bufise aho bugarukira, ntidushobora gutahura isano riri hagati y’integuro zigenga z’Imana n’ingingo dufata m’ubuzima bwacu. Ntituri imachine ; imitima yacu( hamwe n’ivyanditswe vyera) iremezako ivyo duhitamwo vyose tubikora tubizi kandi twavyiyumviriye. Duhitamwo twisanzuye nkuko kameremere kacu kameze.
Ariko iyo twitabiriye ubutumwa bwiza tukaza kuri Yesu Kristo, tuza tuvyigombeye. « Nikubera uhereye mbere na mbere Imana yadutoranije ngo turonk ’agakiza mu kwezwa na mpwemu no mu kwizera ukuri. » 2 Abitesalonika 2 :13
Gutoranywa: icizerwa gikuraho ubwoba no gukekeranya
Uku kuri kuranezera umutima. Naho haribo guca imitima kuko kubemeza kw’Imana iganje. Dukunda kwibona nk’abami bafise kazoza kabo mu ntoke, ariko Bibiriya irabomora ubwibone bw’umuntu, ikemezako Imana ariyo iganje kuri vyose.
Ariko ntitubona uburyo iyi nyigisho itoroshe ishobora gukoreshwa mukumara ubwoba abantu benshi bumva ubutumwa bwiza? Bamwe bumviriza iyo babwiwe ivya Yesu yapfiriye abanyavyaha, bagahamagarwa kuva mu vyaha bakakira Yesu Kristo nk’Umukiza. Ariko benshi bafise ubwoba kuko bibwirako Imana itazobaharira naho bizeye Kristo.
Barazi neza ingene ivyaha vyabo ari bibi kandi badashobora kwitahuza ubunini bw’urukundo rw’Imana ku banyavyaha, bakekeranya rwose ko Imana izobakirana igishika nibizera ku Mukiza. Satani, umwansi w’ubugingo bwacu, akenshi akoresha ivyiyumviro nkibi kugirango abuze abantu kw’injira m’ubwami bw’Imana
Mugabo rero, icizerwa co gutoranywa gikuraho burundu ubwo bwoba no gukekeranya. Nimba twumva dukwegerewe kuri Kristo, ntankeka ico n’igikorwa Imana iriko irakora mu mitima yacu. Nimba dushaka kunywana n’umwami Yesu, n’ukubera ko ariwe yatanguye kuturondera turabo gupfa. Yesu avuga ati :«Ico Data ampa cose kiranshikira, kand’ uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya.» Arongera ati : «Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye» Yohana 6 :44
Iyo abanyavyaha baje kuri Yesu Kristo, bakirwa neza. « Bakwegerwa » kuri Kristo na Data. Aho kuja mu kibanza kirimwo abakumiriwe mu munsi mukuru wa gakiza k’Imana, bazoja mukibanza c’iteka c’abatumiriwe, Imana yonyene yahisemwo. Kubwivyo, Ico nicemezo kitabesha co kwakirwa Imana, ikicizerwa co gutoranwa n’Imana gihimiriza abanyavyaha kuza kuri Kristo
Gutoranya kwigenda kw’Imana
Ariko, uku kuri ko gutoranywa n’Imana kugera kure. Kuratwigisha ko gutoranywa n’Imana ataco bifatiyeko. Mu majambo Paulo yavuze haruguru, Imana « yatugiriye ubuntu » n’agakiza « mu Bakundwa. » Abanyavyaha ntibatoranijwe kubera ibikorwa, ingeso nziza, canke ubushobozi bubarimwo. Imana ntiyabahisemwo kuko yabonako muri kazoza bazokora ikintu ciza cotuma baronka imbabazi zayo.
Iciyumviro nk’iki gihakana akarangamutima k’Imana itanga agakiza- akarangamutima intumwa Paulo avuga aho hejuru, n’ahandi, mu makete yanditse. Ubuntu bw’Imana ntibugurwa. Imana yadukijije, ikaduhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n’ibikorwa vyacu, arik’ utewe n’uko yabigabiye ubgayo, kand’ utewe n’ubuntu bgayo, twaherewe muri Kristo Yesu ibihe vyose bitarabaho.
Ubuntu tubusanga muri Yesu Kristo, kandi impamvu yonyene ituma ubu buntu bwogutoranywa tuburonka n’uko Imana yabigomvye kandi bikayihimbara. Ubwo buntu ntaco budusa gukora kugira uburonke. Ubuntu n’ubwagusa.
Ukuri kubohora abatarizera Yesu
Iyo twegereye abantu tubabwira ubutumwa bwiza, benshi bishura bati : «Mumbabarire ivyo bintu muvuga sindabikunda» Bamwe bashobora no kwibwira bati: «Nifuza kumenya ko nababariwe kandi nzoja mw’ijuru nipfa, ariko ndiyizi neza kandi sindi mu murwi w’abantu basenga.» Ariko ico cizerwa co gutoranywa kitasigura neza ko Imana idatoranya abantu bameze uku canke ukiriya. Muvy’ukuri, Imana yatoranije abantu ari mu murwi yose ataco ifatiyeko.
Nama nibaza igituma iki cizerwa co gutoranywa n’Imana Paulo akivuga kenshi muri iki cete yandikiye abanyefeso. Naho ntovyemeza gose, inyishu yico kibazo ishobora kubafatiye kukugene igisagara ca Efeso cari kimeze. Igitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa kivuga uburyo Paulo yazanye Ubutumwa bwiza muri ico gusagara cari gikomeye mu ntara y’Abaroma ya Aziya y’ubuseruko. Ubupfumu n’ugusenga ibigirwamana vyari vyariganziye ico gisagara. Abanyefeso ba kera bari bakaruhari mukuragurisha inyenyeri. Bizerako ikibanza inyenyeri zirimwo mugihe ca mavuka y’umuntu vyerekana ico uwo muntu azoba n’ibizomushikira mu buzima bwiwe bwose. Abantu bari batondetse mu migwi itandukanye.
Muri iki gihe canone , abantu bakora nkivyo, atari mubijanye no kuraguza bakoresheje inyenyeri gusa, ahubwo bakoresheje ibibimo vyerekana ingene umuntu ameze.
Tugabuye mu migwi itandukanye : Abaserura ingene bamerewe n’ababinyegeza. Mbega tweho ntidukunda gushaka kumenya ingene umuntu ameze ? Tuvuga tuti « Uyu muntu ntakunda kuja hamwe n’abandi » canke tuti « Uyo mwigeme ntaco yitaho »…
Kwiyumvira gutyo bidutuma twishira mu murwi umumwe muri iyo. Tukibwira tuti :«Ndi mu murwi Imana yanka kurusha iyindi.»
Imana itoranya abantu bo mu moko yose
Ariko, icizerwa cogutoranywa kirakuraho iciyumviro nk’ico. Imana ntiyahisemo gukiza no guhindura abantu bo mu bwoko ubu canke buriya. Gutoranya kw’Imana ntaco gufatiyeko. Ivyanditswe vyera, ijambo ry’Imana rirekanako Imana yihisemwo abantu bimico yose, uhereye kuri Samusoni yatwarwa n’ibishobisho kandi yakunda kuja mu birori, Yakobo usukana kandi yari umubeshi, Esiteri yari mwiza kandi w’umugwaneza canke Sawuli w’i Taruso umunyedi w ‘umwicanyi.
Mub’Imana yatoranije harimwo abakene n’abakire, abubahwa n’abagizi ba nabi ruhebwa, abaryamana abadahuje igitsina n’abaryamana bahuje ibitsina; bose bahindurwa n’ubuntu bw’Imana. Nta myaka, igitsina, umuryango canke ubwoko yotuma Imana itadukiza.
Bibiriya itubwirako yahisemwo abantu b’indimi zose, imiryango yose, n’amahanga kugira ngo baronke agakiza. Imana igira ubuntu abantu bo mu moko yose ataco ifatiyeko. Kobimeze uko, dushobora kubwira iki abanyavyaha, « Nimba Imana yarahisemwo abantu bavuye mubwoko bwose, kuki twebwe itadutoranije? » bibwira bati : «Sindi mubo Imana yatoranije », ikiciyumviro cabo sico. Niki kibemezako Imana itabatoranije ? Vyonyeye, twomenya gute abo Imana yatoranije ? Twogerageza kubimenya turavye abandi ? Imbere yoguhinduka bakizera ubutumwa, abatoranije nta kimenyetso kiriho cokutandukanya n’abandi. Ni abanyahavyaha bakora nk’ivyo abandi banyavyaha bakora. Ngiyo imvo yotuma abavugabutumwa batumbereza ubutumwa bwiza.ku bantu bose bari mw’ikoraniro ry’abera
Umunyavyaha arashobora kugeragezwa akabaza ati :«Nomenya gute kw’Imana yantoranjije ?» uyo munyavyaha ntazoronka inyishu yiravye mucirore. Azoyironka aravye uburyo yakira ubutumwa bwiza :«Urizerako Yesu ari umukiza n’umwami ?» inyishu niyaba ari ego, Imana iriko irakora igikorwa co kugucungura. Inyishu nziza nkiyo, ikurirwa no kwiyemeza ndetse n’ubuzima bugenda busa n’ishusho ya Kristo, bishingirwa intahe n’abantu bose Imana yatoranije.
Umuntu wese arakeneye agakiza
Muri ico cirwa dusangamwo urutonde rutanyiganyiga ruhamagarira abantu kudakekeranya, ariko ko bakwiye kuza kuri yesu ningonga. Iyo inyigisho z’ugutoranywa n’Imana zigishijwe neza, zigatangwa neza n’impuhwe zirabomora inzitizi zose zibuza abanyavyaha kuza kuri Kristo.
Ni ibara iyo barwanya icizerwa co gutoranya bakagiha ishusho mbi, bakemezako ico cizerwa kizibira ivuga butumwa. Izi nyigisho zigize ukuri kwiza kw’Imana kandi gutegerezwa kuvugwa n’umunezero mwishi. Uku kuri gushimangira ko umuntu wese ukeneye gukizwa, ivyaha yoba yarakoze vyose, ashobora kuza kuri Yesu Kristo uko ari.
Ikigisomwa cahinduwe mu kirundi, cakuwe mu gitabo Le calvinisme et l’évangélisation de John Benton