Kubera iki Imana ihitamwo abo iha agakiza?

Bamwe bavuga ko Imana ifise uburenganzira bw’uguhana abantu bose kuko bose bayicumuyeko. Ariko, kubw’ubuntu bwayo, abo yatoranije irabaha agakiza.  Abandi nabo bavuga ko Imana itatoranije abazoyizera,ariko izohitamwo abayizeye. None Bibiriya nayo ivuga iki (akagace kanditswe na trinitas)

«Kuko abantu bose bacumuye muri Adamu, kandi bahindutse abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana, baronse umuvumo w’urupfu rw’ibihe bidashira. Imana ntiyari kuba irenganya umuntu iyo irekera abantu bose mu caha n’umuvumo, n’ugutsindwa n’urubanza kubera icaha, dukurikije aya majambo y’intumwa: Abari mw’isi bose nabo gutsindwa n’urubanza rw’Imana […] Bose bakoze ivyaha ntibashikira ubwiza bw’Imana (Abaroma 3.19,23). Kandi: « Kuko impembo y’icaha ni urupfu «  (Ro 6:23).»

Igitabo c’ivyizerwa vya Dordrecht

Ingingo ya mbere y’ivyizerwa vya Dordrecht yerekeye  » Gutoranywa kera, gutorwa n’ ukwankwa n’Imana ». Aya ni amajambo aremereye cane atera ubwoba bwinshi. Twokwibukanya inyigisho z’Abanyaruminiya zerekeye gutoranywa. Kubwabo, ugutoranywa kw’abazoyizera bishingiye ku kuba Imana izi hakiri kare abazoyizera. Imana ihitamwo abayihisemwo. Ugutorwa n’Imana bivana n’ingene umuntu yahisemwo. Uko si  ugutegekanya abo guha agakiza imbere y’ukugatanga, ahubwo n’ugushira hamwe abahisemwo kwakira agakiza. Inyishu ya Dordrecht yemeza k’ugutoranywa gushimikiye k’Ubuntu  n’ukwigenga kw’Imana gusa.

Twibukanye ingene umuntu yaguye ameze

Mbega ibivyizerwa vya Dordrecht bihera kuki? Ivyizigiro batura bihera kutwibutsa ingene turi babi imbere y’Imana. «Kuko abantu bose bacumuye muri Adamu, kandi bahindutse ab’ ugutsindwa n’urubanza imbere y’Imana n’ umuvumo w’urupfu rw’ibihe bidashira. Imana ntiyari kuba irenganya umuntu iyo irekera abantu bose mu caha n’umuvumo, n’ ugutsindwa n’urubanza»

Ntidutangura kugerageza guserangura ivyo Imana itashimye gusigura, ahubwo duhera kuri kahise k’Adamu na Eva, kuko karatahuritse cane. Ariko, ako kahise karatuvuga na twebwe, uruvyaro rwabo. Twari muri Adamu igihe acumura. Imana yagize  isezerano na Adamu, kandi natwe twari twinjijwe mur’ryo sezerano. Igihe Adamu yacumura ku Mana, natwe twari tuyicumuyeko. «Nico gituma, nk’uko icaha cazanywe mw’isi n’umuntu umwe,urupfu ruzanwa n’icaha, niko urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bakoze ivyaha. »  (Abaroma 5.12)

Twisunze iryo jambo ry’Imana, nta muntu n’umwe agororotse imbere y’Imana. Nta numwe mwiza ari kw’isi. Paulo, mw’icete yandikiye abaroma, igice ca gatatu, aravyemeza ashimitse gose: «Nta wugororoka, nta numwe ;nta wutahura, nta wurondera Imana. Barazimiye iyo bava bakagera, bose bacitse imburakimazi, nta wukora iciza, eka nta numwe. […]Bose bakoze ivyaha ntibashikira ubwiza bw’Imana» (Abaroma 3.10-12,23).

Uko kwatura ivyizigiro ntigucisha k’uruhande. Ingaruka mbi zikomeye z’icaha c’umuntu umwe zashitse ku bantu bose, kuko icaha n’urupfu vyashitse ku bantu bose. Natwe turi abanyavyaha kandi twagirwa n’icaha. Ntidushobora guta amakosa ku Mana, kuri satani, ku bandi, canke ku bindi bidukikuje.

«Twisunze iryo jambo ry’Imana, nta muntu n’umwe agororotse imbere y’Imana. Nta numwe mwiza ari kw’isi».

Duce bugufi

Mbega ni kubera iki  ivyizerwa vya Dordrecht bihera kuri Adamu na Eva? Kugira babe abizigirwa kuvyo Bibiriya yigisha. Ibigabane vya mbere vy’igitabo c’Itanguriro ntibitangura kutubwirako Imana ifise abo yatoranije itanguriro ry’isi ritarashirwaho, Bibiriya ntihera k’ugutoranya kugira isigure ibinyegezwa vy’ubuzima canke ivyo Imana ikora muri iy’isi, itangurira kuvyabaye mw’itanguriro rya vyose : ukuremwa kw’isi, ukuremwa kw’umuntu yera ata caha kandi yaremwe mw’ishusho y’Imana ; hanyuma ukuza kw’icaha cashitse ku bantu bose.

Mu kwigisha, Bibiriya ikoresha kahise, ikurikiranya ibintu nk’uko vyabaye muri kahise. Tubandanije dusoma, niho tumenya ko Imana, m’Ubuntu bwayo, yamye ihitamwo abanyavyaha kugira ibazane ku gakiza k’ibihe bidashira. Ariko twari dukwiye kubanza kwibuka icago c’icaha cinjiye mw’isi kandi cashitse ku muntu wese.

 Kuki twibutswa uko kuri kubabaza? « Kugira akanwa kose kazibwe, abo mw’isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana.» (Abaroma 3.19). Imbere y’Imana, nta burenganzira dufise bw’ukwiregura kandi ntidufise n’uburenganzira bw ‘ukubaho. Birakenewe cane kubanza kwemera  ikibanza Imana idushiramwo, kugira duce bugufi.

«Ico dukwiye gukora n’ukwumviriza neza ivyo Imana iduhishurira mw’ijambo ryayo kandi tukakira ivyo yipfuza kuduha vyose. Intererano umuntu atanga kugira ashobore gukizwa nta kibanza ifise muri Bibiriya. Icubahiro c’umuntu nta kibanza gifise mw’ijambo ry’Imana.»

Muri kameremere umuntu ararwanya cane icizerwa c ‘ugutoranya n’ukwankwa n’Imana

Imisi yose twama tugavye dushaka gukingira kameremere kacu k’ivyaha n’ubwibone. Twama dushishikara kuburanya Imana n’ ukuyikwirikirana mu butungane. Twama tuyibwira tuti : «Mwami, niba uri mwiza rwose nkuk’ ubivuga, wategerezwa kuduha ivyo twifuza; ibikorwa vyawe vyategerezwa kuba iki canke  kiriya

Oya! Turakwiye guhindukira burundu. Imana ntiyicaye ku ntebe y’uwagirizwa icaha, natwe ku ntebe y’umucamanza. Si yo itegerezwa kwishura kuvyo ikora. Ahubwo ni twebwe duhagarara imbere yayo kugira twiregure ku bikorwa vyose twakoze, kw’ijambo iry’ari ryo ryose twavuze ndetse no ku vyiyumviro vyose vyaduciye mu mutwe. «Kuko twese tutazobura kugaragazwa imbere y’intebe y’imanza ya Kristo…» (2 abikorinto 5.10.)

Iyo tuganira iki cizerwa c’ ugutoranwa, tugume duciye bufugi kandi twibuke ko turi abanyavyaha imbere y’Imana. 

Umuntu ntashobora kuburanya Imana

Mpwemu Yera yarongoye intumwa Paulo kwandikira abantu bahakana gutoranwa kw’Imana amajambo aremereye .

«Nuko wombaza uti n’iki gituma ukigaya umuntu ? Ninde yanse ivyigomba. Ariko ga wa muntu we, uri nde uharira n’Imana? Mbega icabumbwe cobaza uwakibumvye kiti n’iki catumye umbumba gutya ? canke umubumvyi ntagera ibumba, mu mugoma umwe kubumbamwo urwavya rumwe rwo gukoresha ivy’icubahiro, n’urundi rwo gukoresha ibiteye isoni ?»(abaroma 9 :19-21.)

Turashobora kwiyumvira ko Imana yiregukura ku bantu , igutuma   yafashe ngingo canke ivyo ikora ku munsi ku munsi. Oya. Umunsi w’imanza, ntaho tuzokungururiza imanza kugira dushobora kwagiriza Imana. Mwiyumvira ko ku munsi w’imanza hari umuntu azonegura inzira z’imana?

Dutegerezwa gutangura kwemera n’ukwatura ko Imana igororotse kandi ari nziza. Uhoraho aratunganye kandi ni mwiza cane.  Nta caha kandi ntakugabitanya kuri mu Mana.  Aburahamu yavuze ati : « None umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?» (Ita 18.25.)

Twama dushaka kugarariza Imana

Imitima yacu igarariza, y’icaha n’ubwibone yama ivuga iti: « Ego, ariko … nimba Imana ihitamwo bamwe kugira ngo bakizwe kandi ntihitemwo abandi, ikabarekera mu vyaha vyabo, si vyiza! « Oya n’ukuri. None ni iki kibereye? Iki ni ikibazo dutegerezwa kwishura. Ikibereye nuko duhabwa ivyo dukwiye. Igikwiye n’igihe dufashwe nkuko bikwiye.

Ngivyo ibibereye. N’iki Imana yarikwiye gukora kugira ngo ibe igororotse kandi itarenganya? « Kuko bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubwiza bw’Imana «  (Abaroma 3:23). N’iki dukwiye none? Dukwiye gupfa! « Kuko ingero  y’icaha  n’urupfu » (Abaroma 6:23).

Kugira ngo bibe vyiza, Imana yarikwiye kuduha impembo: urupfu rw’ibihe bidashira, kuba hanze y’ubwiza bwayo ibihe vyose, ikatureka tukaba mu mibabaro iteye ubwoba ibihe bidashira. « Imana ntiyari kuba irenganya iyo  irekera abantu bose mu caha n’umuvumo, ikabacira urubanza rw’ibihe bidashira kubera icaha. »  Mu bwigenge n’ukudahangagwa kwayo , Imana yari gushobora kubikora, kandi ntitwari kuvuga. Yari kuba igororotse gose kandi yarifise uburenganzira bwose bwo kubikora. Ntiyari kuba irenganije n’umuntu !

Sivy’imbeshere, tubandanya twiyamiriza ivyo Imana yakoze: « Ariko Imana ntiyar’ikwiye guha abantu bose ubuntu? Imana yari gushobora kubikora, ego, ariko yarikwiye kubikora? » Nimba kandi koko yategerezwa kubikora, ivyo vyari kwitwa ubuntu? Mbega ntivyari kuba nk’ideni Imana irishe canke itegeko yategerezwa gukurikiza?

«Nimba tuvuze ko bidakwiye ko Imana idatanga agakiza kuri bamwe, ntituba tuvuze ubuntu, tuba tuvuze ukugororoka. Iyo tumaze kuvuga ko Imana itegerezwa gukiza abantu bose, agakiza ntikakiri ingabire yatanzwe k’ubuntu n’imbabazi,Imana idufitiye ideni. Ingero y’icaha n’urupfu.»

Nguko ukuri kutagabanije, kandi dukwiye kwama tukwiyibutsa igihe cose tugira twige iki cizerwa gihambaye ; ugutoranwa n’Imana. Twagiriwe ibakwe, kuko Imana itagaragaje ukugororoka kwayo gusa, vyongeye yarekanye ubuntu n’imbabazi zayo, ntiyaturekeye mu buja bw’icaha no gutsindwa  y’urubanza.

Dushishikare guca bugufi, ntitubandanye twanka inzira z’Imana ubwenge bwacu budashobora gutahura, reka turuhukire mu buntu bwigenga bw’Imana.

Ikigisomwa cakuwe mu gitabo Le solide fondement du salut de Paulin Bédard

 

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *