Kubera iki Imana ihitamwo abo iha agakiza?

Bamwe bavuga ko Imana ifise uburenganzira bw’uguhana abantu bose kuko bose bayicumuyeko. Ariko, kubw’ubuntu bwayo, abo yatoranije irabaha agakiza.  Abandi nabo bavuga ko Imana itatoranije abazoyizera,ariko izohitamwo abayizeye. None Bibiriya nayo ivuga iki (akagace kanditswe na trinitas)

«Kuko abantu bose bacumuye muri Adamu, kandi bahindutse abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana, baronse umuvumo w’urupfu rw’ibihe bidashira. Imana ntiyari kuba irenganya umuntu iyo irekera abantu bose mu caha n’umuvumo, n’ugutsindwa n’urubanza kubera icaha, dukurikije aya majambo y’intumwa: Abari mw’isi bose nabo gutsindwa n’urubanza rw’Imana […] Bose bakoze ivyaha ntibashikira ubwiza bw’Imana (Abaroma 3.19,23). Kandi: « Kuko impembo y’icaha ni urupfu «  (Ro 6:23).»

Igitabo c’ivyizerwa vya Dordrecht

Ingingo ya mbere y’ivyizerwa vya Dordrecht yerekeye  » Gutoranywa kera, gutorwa n’ ukwankwa n’Imana ». Aya ni amajambo aremereye cane atera ubwoba bwinshi. Twokwibukanya inyigisho z’Abanyaruminiya zerekeye gutoranywa. Kubwabo, ugutoranywa kw’abazoyizera bishingiye ku kuba Imana izi hakiri kare abazoyizera. Imana ihitamwo abayihisemwo. Ugutorwa n’Imana bivana n’ingene umuntu yahisemwo. Uko si  ugutegekanya abo guha agakiza imbere y’ukugatanga, ahubwo n’ugushira hamwe abahisemwo kwakira agakiza. Inyishu ya Dordrecht yemeza k’ugutoranywa gushimikiye k’Ubuntu  n’ukwigenga kw’Imana gusa.

Twibukanye ingene umuntu yaguye ameze

Mbega ibivyizerwa vya Dordrecht bihera kuki? Ivyizigiro batura bihera kutwibutsa ingene turi babi imbere y’Imana. «Kuko abantu bose bacumuye muri Adamu, kandi bahindutse ab’ ugutsindwa n’urubanza imbere y’Imana n’ umuvumo w’urupfu rw’ibihe bidashira. Imana ntiyari kuba irenganya umuntu iyo irekera abantu bose mu caha n’umuvumo, n’ ugutsindwa n’urubanza»

Ntidutangura kugerageza guserangura ivyo Imana itashimye gusigura, ahubwo duhera kuri kahise k’Adamu na Eva, kuko karatahuritse cane. Ariko, ako kahise karatuvuga na twebwe, uruvyaro rwabo. Twari muri Adamu igihe acumura. Imana yagize  isezerano na Adamu, kandi natwe twari twinjijwe mur’ryo sezerano. Igihe Adamu yacumura ku Mana, natwe twari tuyicumuyeko. «Nico gituma, nk’uko icaha cazanywe mw’isi n’umuntu umwe,urupfu ruzanwa n’icaha, niko urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bakoze ivyaha. »  (Abaroma 5.12)

Twisunze iryo jambo ry’Imana, nta muntu n’umwe agororotse imbere y’Imana. Nta numwe mwiza ari kw’isi. Paulo, mw’icete yandikiye abaroma, igice ca gatatu, aravyemeza ashimitse gose: «Nta wugororoka, nta numwe ;nta wutahura, nta wurondera Imana. Barazimiye iyo bava bakagera, bose bacitse imburakimazi, nta wukora iciza, eka nta numwe. […]Bose bakoze ivyaha ntibashikira ubwiza bw’Imana» (Abaroma 3.10-12,23).

Uko kwatura ivyizigiro ntigucisha k’uruhande. Ingaruka mbi zikomeye z’icaha c’umuntu umwe zashitse ku bantu bose, kuko icaha n’urupfu vyashitse ku bantu bose. Natwe turi abanyavyaha kandi twagirwa n’icaha. Ntidushobora guta amakosa ku Mana, kuri satani, ku bandi, canke ku bindi bidukikuje.

«Twisunze iryo jambo ry’Imana, nta muntu n’umwe agororotse imbere y’Imana. Nta numwe mwiza ari kw’isi».

Duce bugufi

Mbega ni kubera iki  ivyizerwa vya Dordrecht bihera kuri Adamu na Eva? Kugira babe abizigirwa kuvyo Bibiriya yigisha. Ibigabane vya mbere vy’igitabo c’Itanguriro ntibitangura kutubwirako Imana ifise abo yatoranije itanguriro ry’isi ritarashirwaho, Bibiriya ntihera k’ugutoranya kugira isigure ibinyegezwa vy’ubuzima canke ivyo Imana ikora muri iy’isi, itangurira kuvyabaye mw’itanguriro rya vyose : ukuremwa kw’isi, ukuremwa kw’umuntu yera ata caha kandi yaremwe mw’ishusho y’Imana ; hanyuma ukuza kw’icaha cashitse ku bantu bose.

Mu kwigisha, Bibiriya ikoresha kahise, ikurikiranya ibintu nk’uko vyabaye muri kahise. Tubandanije dusoma, niho tumenya ko Imana, m’Ubuntu bwayo, yamye ihitamwo abanyavyaha kugira ibazane ku gakiza k’ibihe bidashira. Ariko twari dukwiye kubanza kwibuka icago c’icaha cinjiye mw’isi kandi cashitse ku muntu wese.

 Kuki twibutswa uko kuri kubabaza? « Kugira akanwa kose kazibwe, abo mw’isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana.» (Abaroma 3.19). Imbere y’Imana, nta burenganzira dufise bw’ukwiregura kandi ntidufise n’uburenganzira bw ‘ukubaho. Birakenewe cane kubanza kwemera  ikibanza Imana idushiramwo, kugira duce bugufi.

«Ico dukwiye gukora n’ukwumviriza neza ivyo Imana iduhishurira mw’ijambo ryayo kandi tukakira ivyo yipfuza kuduha vyose. Intererano umuntu atanga kugira ashobore gukizwa nta kibanza ifise muri Bibiriya. Icubahiro c’umuntu nta kibanza gifise mw’ijambo ry’Imana.»

Muri kameremere umuntu ararwanya cane icizerwa c ‘ugutoranya n’ukwankwa n’Imana

Imisi yose twama tugavye dushaka gukingira kameremere kacu k’ivyaha n’ubwibone. Twama dushishikara kuburanya Imana n’ ukuyikwirikirana mu butungane. Twama tuyibwira tuti : «Mwami, niba uri mwiza rwose nkuk’ ubivuga, wategerezwa kuduha ivyo twifuza; ibikorwa vyawe vyategerezwa kuba iki canke  kiriya

Oya! Turakwiye guhindukira burundu. Imana ntiyicaye ku ntebe y’uwagirizwa icaha, natwe ku ntebe y’umucamanza. Si yo itegerezwa kwishura kuvyo ikora. Ahubwo ni twebwe duhagarara imbere yayo kugira twiregure ku bikorwa vyose twakoze, kw’ijambo iry’ari ryo ryose twavuze ndetse no ku vyiyumviro vyose vyaduciye mu mutwe. «Kuko twese tutazobura kugaragazwa imbere y’intebe y’imanza ya Kristo…» (2 abikorinto 5.10.)

Iyo tuganira iki cizerwa c’ ugutoranwa, tugume duciye bufugi kandi twibuke ko turi abanyavyaha imbere y’Imana. 

Umuntu ntashobora kuburanya Imana

Mpwemu Yera yarongoye intumwa Paulo kwandikira abantu bahakana gutoranwa kw’Imana amajambo aremereye .

«Nuko wombaza uti n’iki gituma ukigaya umuntu ? Ninde yanse ivyigomba. Ariko ga wa muntu we, uri nde uharira n’Imana? Mbega icabumbwe cobaza uwakibumvye kiti n’iki catumye umbumba gutya ? canke umubumvyi ntagera ibumba, mu mugoma umwe kubumbamwo urwavya rumwe rwo gukoresha ivy’icubahiro, n’urundi rwo gukoresha ibiteye isoni ?»(abaroma 9 :19-21.)

Turashobora kwiyumvira ko Imana yiregukura ku bantu , igutuma   yafashe ngingo canke ivyo ikora ku munsi ku munsi. Oya. Umunsi w’imanza, ntaho tuzokungururiza imanza kugira dushobora kwagiriza Imana. Mwiyumvira ko ku munsi w’imanza hari umuntu azonegura inzira z’imana?

Dutegerezwa gutangura kwemera n’ukwatura ko Imana igororotse kandi ari nziza. Uhoraho aratunganye kandi ni mwiza cane.  Nta caha kandi ntakugabitanya kuri mu Mana.  Aburahamu yavuze ati : « None umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?» (Ita 18.25.)

Twama dushaka kugarariza Imana

Imitima yacu igarariza, y’icaha n’ubwibone yama ivuga iti: « Ego, ariko … nimba Imana ihitamwo bamwe kugira ngo bakizwe kandi ntihitemwo abandi, ikabarekera mu vyaha vyabo, si vyiza! « Oya n’ukuri. None ni iki kibereye? Iki ni ikibazo dutegerezwa kwishura. Ikibereye nuko duhabwa ivyo dukwiye. Igikwiye n’igihe dufashwe nkuko bikwiye.

Ngivyo ibibereye. N’iki Imana yarikwiye gukora kugira ngo ibe igororotse kandi itarenganya? « Kuko bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubwiza bw’Imana «  (Abaroma 3:23). N’iki dukwiye none? Dukwiye gupfa! « Kuko ingero  y’icaha  n’urupfu » (Abaroma 6:23).

Kugira ngo bibe vyiza, Imana yarikwiye kuduha impembo: urupfu rw’ibihe bidashira, kuba hanze y’ubwiza bwayo ibihe vyose, ikatureka tukaba mu mibabaro iteye ubwoba ibihe bidashira. « Imana ntiyari kuba irenganya iyo  irekera abantu bose mu caha n’umuvumo, ikabacira urubanza rw’ibihe bidashira kubera icaha. »  Mu bwigenge n’ukudahangagwa kwayo , Imana yari gushobora kubikora, kandi ntitwari kuvuga. Yari kuba igororotse gose kandi yarifise uburenganzira bwose bwo kubikora. Ntiyari kuba irenganije n’umuntu !

Sivy’imbeshere, tubandanya twiyamiriza ivyo Imana yakoze: « Ariko Imana ntiyar’ikwiye guha abantu bose ubuntu? Imana yari gushobora kubikora, ego, ariko yarikwiye kubikora? » Nimba kandi koko yategerezwa kubikora, ivyo vyari kwitwa ubuntu? Mbega ntivyari kuba nk’ideni Imana irishe canke itegeko yategerezwa gukurikiza?

«Nimba tuvuze ko bidakwiye ko Imana idatanga agakiza kuri bamwe, ntituba tuvuze ubuntu, tuba tuvuze ukugororoka. Iyo tumaze kuvuga ko Imana itegerezwa gukiza abantu bose, agakiza ntikakiri ingabire yatanzwe k’ubuntu n’imbabazi,Imana idufitiye ideni. Ingero y’icaha n’urupfu.»

Nguko ukuri kutagabanije, kandi dukwiye kwama tukwiyibutsa igihe cose tugira twige iki cizerwa gihambaye ; ugutoranwa n’Imana. Twagiriwe ibakwe, kuko Imana itagaragaje ukugororoka kwayo gusa, vyongeye yarekanye ubuntu n’imbabazi zayo, ntiyaturekeye mu buja bw’icaha no gutsindwa  y’urubanza.

Dushishikare guca bugufi, ntitubandanye twanka inzira z’Imana ubwenge bwacu budashobora gutahura, reka turuhukire mu buntu bwigenga bw’Imana.

Ikigisomwa cakuwe mu gitabo Le solide fondement du salut de Paulin Bédard

 

Kubera iki umuriro udahera uvugwa mu butumwa bwiza?

Umuriro udahera wigishwa ugutandukanye. Umurwi wa mbere uvugako umuriro ari ukuri kw’ijambo ry’Imana, ukwiye kwigishwa mw’ishengero. Umurwi wa kabiri uvuga uti:« Yesu yaraducunguye, kwigisha umuriro udahera ntaco bimaze». Umurwi wa nyuma nawo wemezako umuriro utabaho. Ukuri n’ukuhe? ( Akagace kanditswe na Trinitas)

Mu vy’ukuri, iyo twumvise amajambo ‘umuriro uzotabwamwo abanyavyaha’ twumva tworaba hirya canke tukareka kwiyumvira kuri ico kibanza.

Kuri bamwe, ubwoba bw’iki cizerwa rukristo, umuriro, ikibanza abansi b’Imana bazobabarizwamwo ibihe bidashira, ntibwabatumye bahagarika kwiyumvira kuri uyo muriro gusa, ahubwo  bwanabasukiye   kwiremesha  burundu ko ata  muriro uriho. Bivugira bati :’ Umuriro ni umugani ukoreshwa mu gutera ubwoba abantu ; Imana y’urukundo ntiyokwemera ko ahantu nk’aho habaho.’ 

Iyo nyishu itanzwe ntawokekeranya ko iva ku bigumbagumba. Abantu bamwe bamwe, harimwo n’abakristo ntibashaka kwemera ko Imana izota mu muriro abatayizera.Vyongeye, iki cizerwa si igisharizo muri izi nyigisho rukristo canke ikintu kidafise aho gihuriye n’ingene ukwizera rukristo kubatse.   Inyigisho y’umuriro udahera si intambara iteye isoni, idakenewe canke yo muri kahise ka kera twizera gusa kubera tubwiyimbwira uko.

Ahubwo inyigisho y’umuriro utazima iradufasha gutangarira ubwiza bw’ubutumwa bwiza mu gukayangana kwabwo bwose. Ico cizerwa kiradufasha gusobanukirwa ingene Imana ikomeye, ingene turi abanyavyaha babi,  n’ukugene  bitangaje kubona Imana itugirira ubuntu.

«Ico cizerwa kiradufasha gusobanukirwa ingene Imana ikomeye, ingene turi abanyavyaha babi,  n’ukugene  bitangaje kubona Imana itugirira ubuntu

Vyongeye, umuriro utazima – nimba twizera ko ubaho – bishimangirira mu mitima yacu umutwaro wo kubwira ubutumwa bwiza abimirije gutabwa muri uyo muriro utagira iherezo. Reka ubu naho turabe imvo zitanu bibiriya itanga yerekana ko umuriro utazima ari igice kimwe mu bigize ubutumwa bwiza.

Ivyanditswe vyera vyemeza ko umuriro ari ikibanza canke ahantu

Ntituja gusigura vyinshi kuri iyi mvo. Abandi baciye irya nino  ikicizerwa  babivuze neza. Birahagije kwemeza ko abigisha bo mu kinjana ca 5 batatanze inyigisho y’umuriro utazohera kugira batere ubwoba abantu. Babikuye ku ntumwa. Kandi intumwa ntizatanze  iyi nyigisho ngo zitere ubwoba abapagani; babikuye kuri Yesu. Kandi Yesu ntiyigishije umuriro   ngo atere ubwoba  abafarisayo; yari Imana, kandi  yari azi ko ari ukuri. Bisubiye, umuriro udashira,  Imana yari yarawuhishuye mw’Isezerano rya kera.

Nuko rero, nimba tuvuga ko turi abakristo kandi tukizera ko Bibiriya ari ijambo ryImana, dutegerezwa kwemera ko umuriro utazima uzotabwamwo abanyavyaha ari ukuri  Bibiliya ishingira intahe.

Gihenomu itwereka ingene ivyaha vyacu ari bibi

Woba warigeze kwumva umuntu yemeza ko icaha umuntu akora kidashobora kumutuma atabwa muri gihenomu, aho azobabarizwa ibihe bidashira ? Iki ni iciyumviro kigaragaza ibintu vyinshi kumpengamiro y’umutima w’umuntu.

«Nuko rero, nimba tuvuga ko turi abakristo kandi tukizera ko Bibiriya ari ijambo ry’Imana, dutegerezwa kwemera ko umuriro utazima uzotabwamwo abanyavyaha ari ukuri  Bibiliya ishingira intahe.»

Bigenda gute ngo abantu biyumviriye kuri Gihenomu   bame bemeza ko Imana ari yo mbi atari bo babi? Nimwirabire namwe ingene iki cizerwa kigaragaza ingene imitima yacu imeze : iyo  twibonyeko icaha, impengamiro yacu ya mbere nuko duca tugabanya uburemere bw’ico caha, tugahakana gose ko atari kibi kandi ko Imana irenganya iyo ivuga ko dukwiye igihano.

Gihenomu igaragara nk’icemezo mu kugaragaza ingene umuntu ashimangira mu kwisigura. Abatizera Yesu Kristo bama bakoresha igihano c’umuriro mukwerekana ko Imana ari mbi, ariko twebwe abakristo tuzi ko Imana Itarenganya kandi igororotse rwose, turatahurako igihano c’umuriro utazima gitsindisha twebwe hamwe na kameremere kacu.

Turashobora  kugabanya uburemere bw’icaha cacu canke tugasigura igituma twagikoze canke tukemeza imitima yacu ko kugikora ataco bitwaye. Ariko kuba Imana ivuga ko  dukwiye kubabazwa muri gihenomu ibihe bidashira kubera icaha,  vyari bikwiye kutwibutsako  atari bito na gato. Ahubwo kwari bibi cane.

Gihenomu itwereka Imana igorotse kandi ishikamye

 Kuva kera abantu bagiye barageragezwa, biyumvira Imana nk’umucamaza arenganya, yirengagiza ivyo amategeko avuga kubera gusa yakunze uwagirizwa icaha.   Bavuga bati :« Twese turi abana b’Imana» bakongera bakavuga bati : «Ni gute Imana yohanisha bamwe mu bana bayo igihano kiremereye nk’ico?» Inyishu y’ico kibazo ni iyi : Imana si umucamanza arenganya, ni umucamanza agororotse.

Ivyo biguma bigaruka muri bibiriya kenshi. Igihe Imana yiyereka Mose, yamubwiyeko ari Imana y’imbabazi nyinshi n’ubuntu, ariko kandi itirengagiza guhana uwakoze icaha. Umwanditsi wa Zaburi nawe avuga ati« Ukugororoka n’imanza zibereye nivyo inganji yawe ihagazeko. » Ese ayo majambo ingene ahambaye.

«Nimba Imana ishishikara kuguma yitwa Imana, ntishobora gushira ku ruhande ukugororoka hanyuma ngo yirengagize guhana icaha. Itegerezwa guhana icaha nk’uko ukogororoka kwayo kuri

Nimba Imana ishishikara kuguma yitwa Imana, ntishobora gushira ku ruhande ukugororoka hanyuma ngo yirengagize guhana icaha. Itegerezwa guhana icaha nk’uko ukogororoka kwayo kuri. Aho Imana izocira urubanza, nta caha na kimwe kizohabwa igihano birenze igitegekanijwe. Vyongeye ntakizoronka igihano gito ku cari gitegekanijwe.

Bibiriya yemeza ko ku munsi w’urubanza, igihe Imana izorungika abansi bayo muri Gihenomu, amahanga yose azomenya kandi yekemeza ko ico Uhoraho yakoze  kigororotse kandi kibereye. Igice ca 5 c’igitabo c’umuvugishwa Yesayi kivuga neza ingene abansi b’Imana bazotabwa muri Gihenomu. «Nico gituma  kuzimu harangaye, hasamitse akanwa kaho birengeje urugero.» Yes 5 :14. Iki gicapo kirateye ubwoba ; aho gihenomu yagura umunwa ngo imire abantu b’i Yerusalemu.

Biciye muri iyo nzira y’umuriro, Yesaya asemera avuga ati :« Ariko Uhoraho Nyen’ingabo azoba ashizwe hejeru n’imanza ziroranye, kandi Imana Yera izokwerekanisha ukwera kwayo ubugororotsi

Mu gitabo c’abaroma hatwigisha ko, biciye muri Gihenomu, «Imana izokwerekana uburake bwayo ikongera ikamenyekanisha ubushobozi bwayo. » Dushobora kuba tutabitahura neza, ariko umusi umwe gihenomu, mu bushangashirwe bwayo, izokwifatanya n’umwanditsi wa Zaburi isemerere iti : «Ukugororoka n’imanza zibereye nivyo inganji yawe ihanzeko. »

Umuriro utwereka ingene kuja ku musaraba vyari biteye ubwoba, n’ukuntu ubuntu bw’Imana butangaje

Abaroma 3 hatubwira ko Imana yashizeho Yesu kuba ikimazi c’icaha kugira yerekane ukugororoka kwayo. Ibikora kuko yirengagije ivyaha vyakozwe kera kubw’imbabazi zayo. Kubera iki Yesu yabambwe ku musaraba ? Ni kubera ariyo nzira yonyene ibereye  Imana  ikoresha mu gucungura umuntu igihano co kuja mu muriro udahera.

Yesu yakiriye igihano cari kuja kuri twebwe. Ni ukuvuga ko, igihe yari amanitse ku musaraba, yariko yumva umubabaro nk’uwo muri Gihenomu.  Ivyo ntibisigura ko vy’ukuri Yesu yagiye i kuzimu. Ariko imisumari n’amahwa vyari intango y’ukubabazwa kwa Yesu. Umubabaro wuzuye watanguye igihe Imana yamusukako uburake bwayo.

Umwijima ntusigura ko ari Imana yari itwikiriye umubabaro umwana wayo, nkuko hariho ababivuga. Uyo wari umwijima w’umuvumo, uvuye k’uburake bw’Imana. Kandi muri ako kanya Yesu yihanganira uburake bwuzuye – umwijima w’uburake bw’Imana ishobora vyose.

«Kubera iki Yesu yabambwe ku musaraba ? Ni kubera ariyo nzira yonyene ibereye  Imana  ikoresha mu gucungura umuntu igihano co kuja mu muriro udahera.»

Niba uri umukristo, iyo utanguye gutahura umusaraba muri ubwo buryo, utangura kubona neza ubuntu buhebuje Imana yakugiriye.  Intumbero yo gucungurwa Yesu yakoze harimwo kwemera kwihanganira uburake bw’Imana mu kibanza cawe. Mbega igikorwa c’urukundo n’imbabazi bihebujeǃNiwaba utizera,  uzobona kandi utahure neza urwo rukundo igihe uzotahura, ukemera, kandi uhinda agashitsi uri mu muriro utazima.

Gihenomu ituma tuvuga ubutumwa bwiza

Nimba umuriro ari ukuri, kandi nimba hari abantu bazomarayo ibihe vyose, igikorwa cihutirwa kandi gihambaye, nukubabwira ubutumwa bwiza nkuko Yesu yabitegetse abagishwa biwe imbere yokuduzwa mw’ijuru-kubwira amahanga inkuru nziza yuko abantu baharirwa ivyaha muri Kristo Yesu. 

Gusozera

Ntagukekeranyako inyigisho y’umuriro utazima ari ukuri kwa Bibiriya. Inyigisho iteye ubwoba kuko ukuri guteye ubwoba. Ariko ico nticodutera kuyirengagiza, canke kwanka ico cizerwa.Hariho abibwira ko, mu kwanka canke kwirengagiza ico cizerwa iyo bariko barigisha, bituma Imana ishimagizwa kandi ukundwa. Haba namba! Ivyo bakora n’ukwiba icubahiro  Umukiza Yesu Kristo, nkaho umengo uyo muriro Imana yadukijije ntiwari mubi. Mu vy’ukuri, kamere iteye ubwoba twakijijwe yongera kutwereka ubwiza bwivyo twakijijwe. Kandi uko dutahura neza ivyago vy’umuriro utazima, niko turushiriza gutangarira, gushima no guhimbaza YESU   yihanganiye imibabaro ya Gihenomu ku bwacu, akadukiza.

Ikigisomwa canditswe na Greg Gilbert umwungero mukuru w’ishengero Third Avenue Baptist Church ryo mugisagara ca Louisville, leta Kentucky mu gihugu ca AMERIKA. Kikaba cahinduwe mu Kirundi na Trinitas Burundi.