
Ubutumwa bwiza bwazanywe no kuduhaza ivyo dukeneye? Kudufasha gushitsa ivyifuzo vyacu? Guhindura ikibano? Kutwigisha kubaho neza? Gufasha abakene? kutugira abatunzi kandi bafise amagara meza?
Ivyo vyiyumviro bitanzwe ku ntumbero y’ubutumwa bwiza vyerekeza ku kibazo kiba kihari hanyuma bikavuga biti : « Ngako akamaro k’ubutumwa bwiza rero ! » Ariko ubutumwa bwiza bwoba bwazanywe nizo ngorane ziri hejuru? Mbega hoba harimwo ikibazo nyamukuru ubutumwa bwaje gukura ?
Bibiriya ivuga iti : « Nta na kimwe kirimwo » Bibiriya yigisha neza ko ikibazo nyamukuru c’ikiremwamuntu ari icaha cacu n’uburakari bw’Imana kuri twebwe kubera ivyaha vyacu.
« Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’ubushangashirwe bgiwe? Kandi ni nde yoshobora kwihanganira uburake bgiwe bukaze? Uburake bgiwe busukwa nk’umuriro, kandi ni we amenagura ibitandara. » Nahumu 1 :
« Uburake bg’Imana bgarahishuwe, buvuye mw ijuru, ubgo irakira ukutayubaha kw’abantu kwose n’ukugabitanya, banyikirisha ukuri ukugabitanya kwabo. » Abaroma 1 :18
« Ntihakagire umuntu abahendesha amajambo y’ubusa: kukw ivyo ari vyo bizanira uburake bg’Imana abantu b’intabarirwa. » Abanyefeso 5 :6
« Abami bo mw ‘isi n’abaganwa n’abakuru b’abagabisha b’abasoda n’abatunzi n’abanyenkomezi n’abagurano bose n’abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo ku misozi; babarira imisozi n’ibitandara, bati Ni mutugweko, muduhishe inyonga z’Ivyagiye kur’ irya ntebe n’uburake bg’Umwagazi w’Intama; kuk’ umusi uhambaye w’uburake bgabo ushitse, kandi ni nde ashobora guhagarara? » Ivyahishuriwe Yohana 6 :15-17
Uburake bw’Imana irakira abanyavyaha nico kibazo nyamukuru ubutumwa bwiza bwaje gukuraho.Yesu yapfiriye kumusaraba acika impongano, ikimazi gikuraho uburakari bw’Imana( Abaroma 3:25; 1 Yohana 2:2, 4:10) kugirango umuntu wese akizwe kubwo kumwizera.
Iki gisomwa What’s the most fundamental problem the gospel addresses? canditswe n’ishirahamwe rukristo 9marks kikaba cahinduwe mu kirundi na Trinitas