Yesu Kristo n’inde ?

Wizera umukiza atari we ugasaba Imana itariyo. Kandi ugira ivyizigiro bitari vyo bigatuma ubaho ubuzima butandukanye n’ubwo Bibiriya ishingira Intahe. Suzuma urabe Yesu wizera uwariwe. Akagace kanditswe na Trinitas

Yesu yarabayeho

Birashoboka ko utigeze wiyumvira canke ngo wibaze  Yesu uwo ari we, canke nimba ivyo avuga bifise ico bihindura mubuzima bwawe.  Vy’ukuri, turiko tuvuga umuntu yavutse mu kinjana ca mbere. Yavukiye mu  muryango ukenye w’umubaji b’abayuda. Ibintu vy’ibanze mu buzima bwiwe – aho yaba n’igihe yabaho, uko yapfuye, vyose birazwi neza

Yesu yarabayeho

Birashoboka ko utigeze wiyumvira canke ngo wibaze  Yesu uwo ari we, canke nimba ivyo avuga bifise ico bihindura mubuzima bwawe.  Vy’ukuri, turiko tuvuga umuntu yavutse mu kinjana ca mbere. Yavukiye mu  muryango ukenye w’umubaji b’abayuda. Ibintu vy’ibanze mu buzima bwiwe – aho yaba n’igihe yabaho, uko yapfuye, vyose birazwi neza.

None tuvuge iki ku kamaro k’ubuzima bwiwe n’urupfu rwiwe? Yoba yari umuvugishwa? Umwigisha? Yoba yari Umwana w’Imana, canke umuntu ufise ingabirano idasanzwe? Kuri ico kibazo, nawe wiyumvira ko ari inde ? kuri ivyo bibazo vyose, abantu bose barahuriza kukintu kimwe : Yesu yari umuntu adasanzwe.

Umuntu adasanzwe

Ntawo kekeranya ko, mu gihe ciwe hari ikintu cari muri Yesu cakwega abantu. Incuro nyinshi Yesu yavuga ibintu vyatumye ab’ico gihe batangazwa n’ubwenge bwiwe, Ndetse yarabubahuka bakumirwa, igihe barondera ingene botahura ivyo ariko aravuga vyose. (Matayo 22 :22).

«Benshi bamwumvise baratangara bati ivyo vyose uyu yabikuye hehe? kandi n’ubwenge ki yahawe? nivyo bitangaza bikorwa n’amaboko yiwe n’ibiki?»  Mariko 6 :2 

Ibitangaza yakoze vyose no m’ubutumwa yavuze bwose, Yesu yavuga kandi ashigikira ibivugwa kuri we, Nta muntu n’umwe yaribwavugeko ko ari Imana.

Yesu n’Imana

Incuro nyinshi, Yesu yihaye izina rikoreshwa ku Mana, “Ndi” (Yohana 8: 48-58), bitwibutsa izina rya kera kandi rizwi caane ry’Imana ya Isaraheri Ishobora Vyose (Kuvayo 3:14) Kandi Yesu yavugako yaje gushitsa ivyo abavugishwa bavuze k’ubumana bwiwe.   

Abisiraheli bari barindiranye igishika cinshi umwami yicaye ku ntebe y’ubwami y’ibihe bidashira yari imaze ibinjana vyinshi igaragara. Umuhanuzi umwe yavuze ko uyu Mwami ari : « Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro. Ukugwira kwubutware bwiwe ntibuzogira iherezo »  (Yesaya 9 :6-7)

Abantu b’iki gihe bari kubona ko uyu Mwami yasezeranywe atameze nkuwundi mugabo gusa uzicara ku ntebe yigihe gito hanyuma agapfa. Baba barumvise Imana yabo isezerana ko ubwayo izoza ikababera Umwami. Yesu yashimangiye kandi ko ari « Umwana w’Imana. » Ntiryari izina ry’umwami gusa; kwari  kuvuga ko Yesu angana n’Imana m’uburangamutima,n’ubushobozi, n’icubahiro. Yohana abisigura:

« Nico catumye Abayahudi barushiriza kurondera ingene bomwica, kuko. . . yita Imana Se, kandi yigereranya n’Imana »(Yohana 5:18).

Yesu, Imana yigize umuntu

Abakirisu barizera vy’ukuri  ko Imana yigize  umuntu. Bibiriya itubwira ko Yesu yashonje, agira inyota, yananiwe, ndetse arasinzira. Yakoze ibintu vyerekana kwafise urukundo rw’abantu : imbabazi, impuhwe…, (Matayo 15:32; Mariko 6:34, Yohana 11: 33-36). Ntiyari umuntu gusa; yatweretse uko Imana yashaka ko ikiremwamuntu amera.

Yesu yigize umuntu nkatwe , ahinduka umwe natwe kugirango aduserukire m’ubuzima no m’urupfu. Igihe Adamu, umuntu wa mbere, yacumuye, yabikoze nk’userukira abantu bose bazovuka kuri we.  (Itangiriro 3: 1-15).

« Icaha kimwe catumye abantu bose baba abo gutsindwa n’urubanza» (Abaroma 5:18).

Yesu yafashe igihano c’urupfu c’Imana, n’uburake irakiye abanyavyaha – avyishirako. Yesu rero, yemereko umwe mu bigishwa biwe bamuhemukira bakamutanga ku bategetsi b’Abaroma bamuciriye urubanza rwo gupfa.

Mu rupfu rwa Yesu ku musaraba, ivyaha vyose vy’ubwoko bw’Imana vyashizwe kuri we. Yesu yarabapfiriye. Yapfuye mu kibanza cabo. Hariho ikintu kimwe gusa catumye Umwana w’Imana adupfira: aradukunda cane. Umwanditsi umwe wo muri Bibiliya yagize ati:

«Kubw’urukudo Imana yakunze abari mw’isi, rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege kugira ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi ariko ahabwe ubugingo budashira » (Yohana 3:16).

Ariko Yesu ntiyagumye mumva. Inyuma y’iminsi ibiri, igihe bamwe mu bigishwa binjira mu mva ya Yesu, « babonye umusore yicaye ku ruhande rw’iburyo, yambaye ikanzu yera, barahagarika umutima. Arababwira ati: ‘Ntimugire ubwoba. Ndazi yuko murondera Yesu w’i Nazareti, umwe yabambwa. None yarazutse ntari hano ehe raba aho bari bamushize.»(Mariko 16: 5-6).

Yesu ni muzima

Biciye mu kuzuka kwa Yesu mu bapfuye, habaye ikintu kidasanzwe gitangaje. Ibintu vyose yahora avuga ko ari ukuri yarabigaragaje.(1 Abakorinto 15: 14–19) Izuka ryiwe ryari rifise ububasha bwo guhindura abigishwa biwe – abagabo b’abanyabwoba, bakekeranya- bahindutse abamaratiri n’ivyabona bari biteguye kwakira ingaruka mbi zose  kugira ngo babwire isi ati: « Uyu mugabo Yesu yabambwe, ariko ubu ni muzima! »

Ukuzuka kwa Yesu Kristo n’inkingi ubukristo bwose buhagazeko. Ni urufatiro ibindi vyose bishingiyeho, ibuye rifata ibindi vyose bijanye n’ukwizera rukristo.

Uvuga ko Yesu ari nde?

Birashoboka ko utiteguye kwizera ivyo avuga. Ni iki kikubuza? Umaze kumenya ivyo bintu, ntuje kure yavyo. Bisuzume, Bikurikire. Rondera inyishu kubibazo vyawe. Ntiwiyumvire ko uzobikora ikindi gihe. Ico nikibazo nkoramutima ushobora kuba utari bwibaze.

Birashoboka ko witeguye kuvuga, «  Ndazi neza ko Yesu ari Umwana w’Imana. Nzi ko ndi umunyavyaha kandi ndi umwansi w’Imana. Nzi ko nkwiriye gupfa kubera ubwo bugarariji, kandi nzi ko Yesu ashobora kunkiza. »  Niba arivyo, none rero uhindukire wizera Yesu, kuko niwe wenyene ashobora kugukiza. Noneho ubwire isi! Uwo Yesu. Niwe akiza abantu nkanje, kandi nkawe!

Ikigisomwa canditswe na Greg Gilbert, umwungere mukuru w’ishengero Third Avenue Baptist Church mu gisagara ca Louisville, mu ntara ya Kentucky yo mu gihugu ca Amerika. Cahinduwe mu kirundi na Trinitas

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *